Uko wahagera

Irani Yagiriza Amerika Gufasha ISIS


Mideast Egypt
Mideast Egypt

Irani iragiriza Reta zunze ubumwe za Amerika kuba iriko irafasha abarwanyi b’umuhari wa reta ya kiyisilamu muri Afganistani kugira icuka kibi kiri muri ako karere kibandanye.

Mu gisagasra ca Islamabad aho yari mu nama yahuje intumwa z’ibihugu bitandukanye, abahinga batandukanye, hamwe n’abamenyeshamakuru, niho umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’amakungu Javad Zarif yabishikirije.

Yavuze ko za kajugujugu z’Abanyamerika zafashwe zitwaye abarwanyi baharanira b’umuhari wa reta ya kiyisilamu zibakura mu buseruko bwa Afganistani mu kigwati ca Haska Meyna batazira Deh Bala, babatwara ahantu hataramenyekana.

Ni mugihe Irani n’igihugu c’Uburusiya bakunze gutangaza ko hari za kajugujugu ata nzandiko ziziranga zibandanya kuguruka mu turere twa Afuganistani turimwo abagwanyi b’umuhari wa reta ya kiyisilamu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG