Uko wahagera

Etiyopiya: Inzego z’Umutekano Zishe Abantu 10


Abanywanyi ba Bekele Gerba, umunyamabanga mukuru wa Oromo Federalist Congress (OFC), baririmba igihe bamukura mw'ibohero i Adama, mu ntara ya Oromia, Etiyopiya, itariki 14/02/2018.
Abanywanyi ba Bekele Gerba, umunyamabanga mukuru wa Oromo Federalist Congress (OFC), baririmba igihe bamukura mw'ibohero i Adama, mu ntara ya Oromia, Etiyopiya, itariki 14/02/2018.

Abanyagihugu bo mu kigwati kiri ku rubibe rwa Etiyopiya na Kenya bari mu gahundwe, inyuma yaho abajejwe umutekano barashe bakica abanyagihugu cumi, bongera bakomeretsa abandi cumi n’umwe. Vyatanganjwe na buramatari w’ako karere.

Abanyagihugu ba Moyale hamwe na komanda w’umurwi w’abasirikare bajejwe gushira mu ngiro itegeko ry’uko igihugu kiri mu bihe bidasanzwe vyatanguye inyuma yuko umushikiranganji wa mbere atanze imihoho mu kwezi guheze, baremeza ayo makuru.

Bavuga ko vyabereye mu karere kari mu bumanuko bw’intara ya Oromia, gasanzwe kamaze imyaka itari mike mu myiyerekano yagiye irateshwa n’inzego za reta.

Benshi mu babibonye bavuga ko cari igitero cabaye giturumbuka kandi ko ata gasomborotso kagiteye. Bavuga ko inzego z’umutekano zatanguye kurasa abanyagihugu bo mu mayira y’i Moyale, mu bubare, bongera bica abantu ataco bazira. Benshi mu batewe bari bafise imyaka ingana nka mirongo ibiri.

Buramatari Aschalew Yohannes asigura uko ubwo bwicanyi bwatanguye avuga ati: “Hari umusore yari kw’ipikipiki yiwe, arahagarikwa n’inzego z’umutekano baca baramurasa.” Ati “inyuma y’aho baciye batangura kurasa umuntu uwo ari we wese ari muri ico kigwati.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG