Uko wahagera

Irani: Abantu 11 Barapfuye mw'Isanganya y'Indege ya Turukiya


Abantu 11 bose bari mu ndege y’abikorera utwabo yo muri Turukiya barapfuye ku musi w’Imana inyuma y’aho iyo ndege ikorokeye igasha igatokombera mu bumanuko bwa Irani, nk'uko abategetsi bavuga.

Umuvugizi w’Ishirahamwe ry’indege z’abasivile, Reza Jafarzadeh avuga ko iyo ndege yaguye mu misozi iri ku birometero 370 mu bumanuko bw’umurwa mukuru, Teherani wa Irani.

Abategetsi bavuga ko iyo ndege yagurutse iva mu gihugu ca Emira Arab Uni yerekeza i Istanbul, ku murwa mukuru wa Turukiya.

Iryo sanganya ribaye inyuma y’iyindi ndege yakorotse mu bumanuko bwa Irani, ihitana abantu 65 bose bari muri yo mu kwezi kwa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG