Uko wahagera

Perezida Kenyatta na Odinga Bumvikanye Gukorera Hamwe

Perezida Uhuru Kenyatta wa kenya, ibubamfu, yabonanye kur'uyu wa gatanu n'umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi Raila Odinga, ubwa mbere inyuma y'icuka kibi cabaye inyuma y'amatora mu kwezi kwa cumi, Nairobi, Kenya, Itariki 9/03/2018.

Perezida Uhuru Kenyatta wa Kenya hamwe n'umunyepolitike Raila Odinga batavuga rumwe yiyimitse nk'umukuru w'igihugu mu mpera z'ukwezi kwa mbere babonanye kur’uyu musi wa gatanu. Bubaye ubwa mbere kuva habaye amatora mu mwaka uheze abo bagabo babiri bicara hamwe.

Basezeranye kurangiza ukutumvikana kwari kumaze igihe hagati yabo no kwubaka igihugu ca Kenya. Bemeranije kandi gukorera hamwe kugira bashire hamwe igihugu, inyuma y’umwaka uheze habaye imvururu za politike zadutse inyuma y’amatora, babona ko igihugu kiriko kija mu nzira idashemeye.

Iyo nama yabaye mu gihe sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Rex Tillerson ashika muri Kenya kur'uyu wa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG