Uko wahagera

RDC: Impunzi Zishika 7 Zapfiriye mu Kiyaga Albert


Abarovyi mu kiyaga Albert, hafi y'imihana i Kafe, muri RDC, le 1 mars 2005.

Impunzi zishika 7 muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo zarapfiriye mu mazi kur’uyu wa kane mu gihe bari mu bwato mu kiyaga Albert bagerageza guhungira muri Uganda. Ayo makuru yashikirijwe na Deogratias Abaingi Rusoke, umukuru w’akarere ka Gasenyi.

Abantu bashika ibihumbi birenga 29 ni bo bamaze kujabuka ikiyaga Albert bahungira muri Uganda kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri igihe hongera kwaduka imirwano mu karere ka Djugu, imirwano imaze guhitana abaharurwa mw’ijana. Impunzi z’Abanyekongo ziharurwa kuri 30 zarishwe na Cholera muri Uganda.

Ubwo bwicanyi bufise intandaro mu matati y’ubutaka hagati y’amoko y’aba Lendu n’aba Hema.

Uwuserukira Unicef mur’ico gihugu, Gianfranco Rotigliano avuga ko bamaze kuronka amakuru y’uko imirwi y’abarwanyi ivuka yama igerageza kwinjiza ku nguvu abana bari munsi y’imyaka 18 mu barwanyi, inyuma y’urugendo aherukamwo mu ntara ya Ituri. Avuga ko amashure aharurwa kw’ijana amaze kwugara kubw’iyo mirwano Djugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG