Uko wahagera

Trump na Kim Jong Un Bashobora Kuzoganira mu kwezi kwa Gatanu


Perezida Kim Jong Un wa Koreya ya ruguru na Donald Trump
Perezida Kim Jong Un wa Koreya ya ruguru na Donald Trump

Perezida wa Koreya ya ruguru Kim Jong Un afise igishika co kubonana na Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump mu biganiro vuba bwango kandi yiyemeje guhagarika kugeregeza ibirwanisho vya Nikleyeri.

Iyo nkuru nziza yatangarijwe hanze y’ibiro vya White House kur’uyu wa kane ku mugoroba n’umuhanuzi muvy’umutekano mu gihugu wa Koreya y’epfo, Chung Eui-yong.

Chung yavuze ko Trump yipfuza kubonana amaso mu yandi na Kim Jong UN wa Koreya ya ruguru mu kwezi kwa gatanu.

Chung yatangaje kandi ko Perezida Kim yemeye ko imyimenyerezo ya gisirikare hagati ya Reta zunze ubumwe z’Amerika na Koreya y’epfo itegekanijwe kandi mu kwezi kwa kane hafi y’izinga rya Koreya ari ngirakamaro kandi ata kibuza ko yobandanya.

Chung yari i Washington kuri uyu wa kane kuganirira abategetsi b’Amerika ivyo yaganiye na perezida Kim mur’iyi ndwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG