Uko wahagera

Abakenyezi Kw'isi Basaba Agateka ka Bo


Archives
Archives

Kuri uno musi wa kane itariki 8 z’ukwezi kwa gatatu, mu bice bitandukanye vy’isi hahimbajwe umusi mpuzamakungu wahiriwe umukenyezi. Imigwi iharanira agateka ineza y’abakenyezi isaba ihagarikwa ry’ ugufatwa nabi kwabo, ugukumigwa hamwe no gukoregwa amabi.

Muri Philipine ku mugwa mukuru wa Manila, abakenyezi amajana n’amajanabari bari mu myiyerekano bambaye ibara ry’iroza (Rose). Ico gikogwa kwari ukunegura ubwicanyi bwakozwe ku bantu ibihumbi bine bishwe ku ntwaro ya Perezida Rodrigo Duterte inyuma yaho arahiye ko agiye gukoresha inguvu nyinshi mu kugwanya ikoreshwa ry’ibiyayurabwenge bitemewe n’amategeko.

Imigwi y’abaharanira agateka ka muntu ivuga k’ukwo kurahira kwa Duterte kwo kwica abadandanji b’ivyo biyayura bwenge, vyatumye abapolisi bica uwariwe wese yakekwa kubigurisha canke kubigura.

Muri Seoul mu gihugu ca Koreya y’Ubumanuko imigwi iharanira ineza y’abakenyezi yahimbaje uwo musi mu gushigikira icivuga c’umugambi watanguriye muri Amerika wiswe “Me Too”. Uwo mugambi,ufise igikogwa co ku gwanya amabi afatiye kugitsina akoregwa mu buzi. Ico gikogwa carakiriwe cane muri ico gihugu gitunze cane muri ako gace k’isi, inyuma yaho umukenyezi w’umucamanza yatangaza icese mu kwezi kwa mbere ko yakorewe amabi n’abo bikorana haciye imyaka mike. Ivyo vyatumye abategetsi batari bake b’abagabo bakugwa mubuzi. Muribo harimwo buramatari w’imwe mu ntara z’igihugu yigeze kwiyamamaza mukibanza c’umukuru w’igihugu, ahava yagirizwa gufata kunguvu secretari wiwe.

Muri Espagne, abakenyezi bakoze igikogwa co guhagarika ubuzi bwabo kuri uno musi wa kane. Ni mumyiyerekano yo ku gwanya ikumira riri mubijanye n’ubuzima bwa misi yose hamwe n’ubudasa buru hagati y’agahembo hagati y’abagabo n’abagore. N’inyuma yaho hasohotse ubushakashatsi bwerekanye yuko umugabo w’umunyaEspanye ahembwa ibice 13 kw’ijana kurusha umukenyezi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG