Uko wahagera

Autriche: Abantu 3 Bacumiswe Imbugita


umupolisi ahagaze hafi y'umuganga inyuma y'aho abantu 3 bacumiswe imbugita mw'ibarabara i Vienne, Autriche, itariki 7/03/2018.
umupolisi ahagaze hafi y'umuganga inyuma y'aho abantu 3 bacumiswe imbugita mw'ibarabara i Vienne, Autriche, itariki 7/03/2018.

Abantu 3 barakomeretse bikomeye ku muhingamo wo ku musi wa gatatu inyuma y’aho bacumitiwe imbugita i Vienna, ku murwa mukuru wa Autriche.

Igipolisi kivuga ko abo bantu bacumitiwe muri distrikte ya Leopoldstadt hafi ya Park ihurumbirwa cane iri ku murwa mukuru Vienne. Uwabacumise yaciye ahunga gushik’ubu aracarondera.

Ababibonye bavuga ko uwo mugabo yacumise abantu batatu bo mu muryango umwe, barimwo umugabo, umugore wiwe hamwe n’umukobwa wabo. Abo bantu batatu bararemvye cane bariko baravurwa mu bitaro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG