Uko wahagera

Somaliya: Bombe Yahitanye 4 Barimwo Abategetsi 2


Abasirikare mw'ibarabara mu ntara ya Garissa.
Abasirikare mw'ibarabara mu ntara ya Garissa.

Abategetsi 2 ba reta ya Somaliya hamwe na 2 mu bari babacungereye umutekano barapfuye ku musi wa gatatu inyuma y’aho imodoka barimwo iciriye kuri bombe yari yatezwe mw’ibarabara mu bumanuko bushira uburengero bwa Mogadishu.

Abanyagihugu bo mur’ako karere babwiye Ijwi ry’Amerika ko iyo bombe yaturikiye kw’ibarabara rikuru ryitwa Tarmac rihuza Mogadishu n’intara zo mu bumanuko bushira uburengero, hafi y’igisagara ca Afgoye, ku birometero bishika 40 mu bumanuko bw’umurwa mukuru.

Umushikiranganji w’umutekano wo muri reta yo mu ntara yo mu bumanuko bushira uburengero hamwe n’umushingwamanza w’iyo reta hamwe na babiri mu babacungera umutekano ni bo bapfiriye mur’ico gitero, bivugwa na Mohamed Sidow Abdirahman, komisere wa distrikte ya Wanlaweyne.

Abategetsi ba Somaliya babwiye Ijwi ry’Amerika ko abo bategetsi bapfuye bari bavuye mu nama yo gutegura ibitero vya gisirikare simusiga bigamije kwongera kwugurura ibarabara rikuru ryacishwamwo imfashanyo zo gufasha abanyagihugu.

Nta muhari uriyitirira ubwo bwicanyi, ariko Al-Shabab niwo utega imitego nk’iyo ku mabarabara ku bategetsi ba reta, abasivile hamwe n’abasirikare ba AMISOM.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG