Uko wahagera

Nduta: Impunzi z’Abarundi Zishika 30 Zirafunzwe


Ikambi ya Nduta muri Tanzaniya

Impunzi z’Abarundi mu kambi ya Nduta muri Tanzaniya zitari munsi ya 30 zirafunzwe. Zikekwako ibikorwa vya polititike hamwe no gukorana n’imirwi irwanya reta y’Uburundi. Imiryango yabo irabihakana, igasaba ahubwo ishirahamwe mpuzamakungu HCR ribitaho ko ryofasha kugira ababo barekurwe.

Abenshi muri izo mpunzi ziriko zirafatwa ni abaserukira abandi, abatwara amazone canke abahoze bayatwara, incabwenge hamwe n’abakiri bato.

Zimwe muri izo mpunzi bavuga ko bigoye kumenya igitigiri nyezina c’abamaze gufatwa yamara bamenyesha ko bamaze kurenga 30 mu kiringo c’ukwezi kumwe gusa.

Bemeza ko ubu hari ubwoba budasanzwe kuko umwe wese aguma yiteze ko ashobora gufatwa umwanya uwo ari wo wose.

Naho abo mu miryango y’abafashwe bahakana ivyagirizwa ababo, abandi bemeza ko benshi mu bariko barafatwa bateye amakenga. Gusa bagasaba ko atawobesherwa.

Mu bamaze gufatwa harimwo abarenga 10 bamaze ukwezi kurenga bafunzwe. Bamwe mu bo batwawe gufungirwa ku murwa mukuru wa District Kibondo, abandi bari ku murwa mukuru w’intara ya Kigoma iyo kambi y’impunzi irimwo. Ivyo bice vyose bihana urubibe n’Uburundi izo mpunzi zahunze zivamwo.

Ico nico kibatera amakenga ko bashobora kurungikwa gufungirwa mu gihugu cabo. Basaba igisata c'ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR ribitaho ko ryofasha kugira ababo barekurwe.

Si irya mbere muri iyo kambi ya Nduta hafatwa impunzi zigafungwa. Mu minsi iheze mbere haratoweyo n’ibirwanisho bitari bike bicira umuriro harimwo inkoho.

Bamwe mu bari muri iyo kambi bavuga ko habamwo abantu bateye amakenga bashobora kuba baje kudurumbanya umutekano kugira igihugu ca Tanzaniya gishavure cirukane impunzi zose zitahuke.

Ico bikoze, ico gihugu cabahaye indaro caremeje ko atabo kizokwirukana ku nguvu ahubwo kibahamagarira gutahuka ku bushake bwabo.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Arusha muri Tanzaniya, Pierre Claver Niyonkuru yavuganye na bamwe mur'izo mpunzi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:22 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG