Uko wahagera

Tillerson Aranegura Politike y'Ubushinwa kuri Afurika


Sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Rex Tillerson avuga mu mubonano n'icegera c'umushikiranganji wa mbere wa Irlande i Washington, Itariki ya 23/02/2018.

Rex Tillerson, sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z’Amerika kur’uyu wa kabiri niho yafata indege mu rugendo rwa mbere muri Afrika, urugendo rugamije gukuraho ubwoba uwo mugabane ufise bufatiye ku mvugo zigaragaza agakengere zashikirijwe na perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Uwo mutegetsi yavuze imbere yo kwurira indege ko Reta zunze ubumwe z’Amerika zipfuza gukomeza intwaro muri Afrika, ibihugu bigendera ku mategeko kandi vyibako. Avuga ko ari igihushane c’Ubushinwa avuga ko burajwe ishinga n’uko Afrika itegerezwa kugira ivyo itanga kugira buyifashe.

Tillerson arindiriwe muri Etiyopiya kur'uyu wa gatatu, aho icuka ca politike kitifashe neza kuva umushikiranganji wa mbere Hailemariam Desalegn, atanze imihoho. Ategekanya kandi kubonana n’abategetsi ba komisiyo y’umuryango w’ubumwe bw’Afrika.

Tillerson azoca yerekeza muri Djibouti, ahari ikambi ya gisirikare y’Abanyamerika mur’ako karere, mu nyuma aje muri Kenya, igihugu kivuye mu migumuko y’inyuma y’amatora, ace muri Tchad, igihugu buzoba bubaye ubwa mbere kigendewe na sekreteri wa reta w’Amerika, mu nyuma arangirize muri Nijeriya kw’itariki ya 13 z’ukwezi kwa gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG