Uko wahagera

Libiya: Abimukira 21 Barazimiye mw'Ibahari


Abimukira bashika kuri 21 bamuka muri Libiya gushik’ubu ntibazwi irengero inyuma y’aho bageragereje kujabuka ibahari Mediterane mu ndwi iheze.

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku mpunzi n’abimukira catangaje kur’uyu wa kabiri ko abo bimukira wari umurwi munini wari mu bwato bukozwe mu mbaho hamwe n’ubundi bwato bw’amapine bwashoboye gutabarwa mw’ibahari.

Ariko n’aho bir’uko ibiharuro vy’abimukira bagerageza kujabuka mu burayi bavuye muri Libiya vyaragabanutse ugereranije n’igihe nk’iki mu mwaka uheze, bivanye n’amasezerano Libiya yagiranye n’Ubutaliyano yo gusubiza inyuma abafatiwe mw’ibahari.

Abategetsi ba ONU bavuga ko abimukira 421 ari bo bapfuye gushika aho umwaka ugeze ubu, mu gihe mu mwaka uheze 521 bari bamaze gupfira mu mazi mu gihe nyene mu mwaka w’2017.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG