Uko wahagera

Umuhanuzi mu vy'Ubutunzi wa Trump Yatanze Imihoho


Umuhanuzi mukuru mu vy'ubutunzi muri White House Gary Cohn yishura ibibazo vy'abamenyeshamakuru, i Washington, itariki 23/01/2018.

Umuhanuzi mukuru wa Perezida Donald Trump mu vy’ubutunzi, Gary Cohn, yatanze imihoho kur’uyu wa kabiri. Iyi ngingo ayifashe inyuma y’aho bigaragariye ko ateye kubiri n’ingingo ya Trump yo gutoza amatagisi ku vyuma vya "acier" na "aluminium" vyinjira mu gihugu.

Mw’itangazo yashikirije, Gary Cohn yavuze ko kabaye agateka kubona yarakoreye igihugu ciwe kandi agafasha mu gushiraho politike ifasha mw’iterambere ry’ubutunzi, vyagiriye akamaro Abanyamerika na cane cane itegeko ryerekeye amatagisi riheruka kwemezwa.

Yiyongereye ku bandi benshi bahoze begereye Trump batanze imihoho mu mabanga mu biro vy’umukuru w’igihugu mu mezi aheze.

Perezida Trump mu ndwi iheze yatangaje ko yipfuza kurihisha amatagisi ku bice 25% ku vyuma vya Acier na 10% kuri aluminium vyinjira muri Amerika, ingingo yatumye ibihugu bifitaniye imigenderanire mu vy’ubutunzi na Amerika birakara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG