Uko wahagera

Angola: Isabel dos Santos Avugwaho Igiturire


Perezida wa Angola João Lourenço
Perezida wa Angola João Lourenço

Perezida mushasha wa Angola, Joao Lourenco, yagiye ku butegesi mu mwaka uheze yemeye imigambi mishasha yo kunagura ubutunzi bw’igihugu hamwe n’uguhindura ukuntu ubutegetsi bwari bumeze ku ntwaro ya Prezida Edwardo dos Santos.

Yamara abahinga bakwiirikiranira hafi ico gihugu, bavuga ko ibintu bitahindutse nk’uko vyari vyitezwe kubera ahanini ibirego vya ruswa bibandanya gushikirizwa. Ivyo birego bivuga ko ubutungane bwihitiramwo abo burengukisha imbere ya sentare hamwe n’ibineguro bishikirizwa n’umuryango wahora ku butegetsi.

Mu kwezi kwa 12, Lourenco yarakuye Isabel dos Santos, umukobwa mukuru wa Prezida yahora atwara ico gihugu. Uyo mupfasoni yahora arongoye ishirahamwe ry’igihugu rijejwe ibitoro.

Mu ndwi iheze, umutegetsi mushasha arongoye iryo shirahamwe Carlos Saturnino, yaratangaje ko itohozwa hamwe n’ibiharuro vyasubiwemwo, vyasanze hari amadolari angana n’imiliyoni 38 yanyurujwe na sosoyete ikorera i Dubai.

Ivyo birego vyaciye bituma dos Santos, umupfasoni wa mbere atunze muri Afrika yose, ashira ahabona urwandiko rw’impapuro 13. Urwo rwandiko rwerekana ko urudandazwa rwabaye hagati ya reta ya Angola n’iyo sosiyete, rwaciye mu mategeko. Yongera avuga ko hari isekeza ryibonekeza ryo kumwambika ibara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG