Uko wahagera

Nijeri: Itohozwa kw’Igandagurwa ry’Abasirikare 4 ba Amerika


Inteko zidasanzwe za Amerika bariko batanga imyimenyerezo ya gisirikare mu gisagara ca Diffa, Nijeri, Itariki 04/03/2014.
Inteko zidasanzwe za Amerika bariko batanga imyimenyerezo ya gisirikare mu gisagara ca Diffa, Nijeri, Itariki 04/03/2014.

Itohozwa ryakozwe n’igisirikare ca Amerika ku vyerekeye abasirikare b’Abanyamerika 4 biciwe mu gihugu ca Nijeri, ryasanze abo basirikare batari baronse uburenganzira buciye mu nzira nyayo. Ni bwo bahawe n’ababakuriye, igihe bafata umugambi wo kuja kurondera no gufata umukuru w’umurwi w’intagondwa za Kiyisilamu. Aya ni amakuru ashikirizwa n’abategetsi ba gisirikare.

Amakuru yari yatangajwe yavuga ko abo basirikare, bari bagiye kubonana n’abategetsi barongoye umutumba mu gihugu ca Nijeri mu kwezi kw’icumi. Yamara ico gihe baciye bahindurirwa umugambi, maze bajanwa mu gikorwa co guhiga Doundou Chefou, umukuru w’umurwi w’intagondwa z’abayisilamu yagize uruhara mu kunyuruza umunyamerika yakorera ishirahamwe rijejwe kwitaho imbabare.

Abategesi bavuga ko abo basirikare baciye bajanwa mu gikorwa co guhiga Chefou, batarinze guhanuza abasirikare b’intwazangabo babarongoye. Ivyo vyaratumye abo basirikare batamenya urugero rw’amabi yashobora kuba muri ico gikorwa.

Abasirikare b’Abanyamerika bane hamwe n’abasirikare ba Nijeri bane, biciwe muri ico gikorwa kw’igenekerezo rya 4 ry’ukwezi kw’icumi mu mwaka uheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG