Uko wahagera

USA n'Ubushinwa Ntibumvikana ku Bihano vya Koreya ya Ruguru


China's Xi
China's Xi

Ubushinwa bwahagaritse icipfuzo ca Reta zunze ubumwe z’Amerika muri ONU co gufatira ibihano ubwato 33 hamwe n’amasosiyete 27 yagirizwa gufasha Koreya ya ruguru guca kubiri n’ibihano yafatiwe n’amakungu.

Washington yari yashikirije ivyo bihano kw’itariki ya 23 y’ukwezi kwa kabiri umurwi wa ONU ushinzwe gufata ibihano, ariko Ubushinwa bwaranse ico cipfuzo ca Reta zunze ubumwe z’Amerika ku musi wa gatanu.

Abadiplomate b’Amerika basigura bavuga ko barindiriye Ubushinwa butanga insiguro y’icatumye bufata iyo ngingo imbere yo kwiyumvira ikindi cokorwa.

Mu kwezi guheze niho Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yashikiriza ONU ibihano bishasha bikomeye kuri Pyongyang. Intumbero y'ivyo bihano ni ukubandanya kuzibira imihora Koreya ya ruguru ikuramwo amafaranga n’ibitoro bifasha mu buryo bukoreshwa mu gukora ibirwanisho vya Nikleyeri, nk’uko vyashikirijwe na Donald Trump.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG