Uko wahagera

Intumwa za Koreya y'Epfo Zashitse i Pyongyang


Perezida wa Koreya ya ruguru Kim Jong Un abonana n'intumwa zo ku rwego rwo hejuru ziheruka muri Koreya y'epfo mu nkino za Olempike, itariki 13/02/2018.
Perezida wa Koreya ya ruguru Kim Jong Un abonana n'intumwa zo ku rwego rwo hejuru ziheruka muri Koreya y'epfo mu nkino za Olempike, itariki 13/02/2018.

Intumwa zidasanzwe za prezida wa Koreya y'epfo, zivugwa ko zabonanye n’umutegetsi mukuru wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un.

Izo ntumwa za Koreya y’epfo zari ziyobowe n’umuhanuzi mukuru wa prezida ku bibazo vyerekeye umutekano, Chung Eui-Yong. Zashitse ku murwa mukuru wa Koreya ya ruguru, Pyongyang n’indege bavuye ku murwa mukuru wa Koreya y’epfo, Seoul. Bajanye ubutumwa bwerekeye gukuraho ibirwanisho ruhonyanganda hamwe n’amahoro ntabanduka mu kigobe ca za Koreya.

Mw’ijambo yashikirije abamenyeshamakuru imbere yuko aja muri Koreya ya ruguru, Chung Eui-Yong yatangaje ko azosaba ko haba uburyro bw’ugusubira gutanguza ibiganiro hagati ya Koreya ya ruguru na Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Yamara ivyo biganiro bishobora kugorana kubera imyimenyerezo ya gisirikare itegekanijwe kuba hagati ya Amerika na Koreya y’epfo mu kwezi kwa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG