Uko wahagera

Uganda: HCR mu Rugamba rwo Gutuza Ubusuma mu Gisata c'Impunzi


Umukenyezi ahagaze imbere ya Bus ya HCR haruhande y'ikibanza ziyandikishirizamwo hafi y'igisagara Bibi bidi, Uganda.
Umukenyezi ahagaze imbere ya Bus ya HCR haruhande y'ikibanza ziyandikishirizamwo hafi y'igisagara Bibi bidi, Uganda.

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku mpunzi HCR catanguje mu gihugu cose ca Uganda ubuhinga bwa none bwa Biometrique mu ntumbero yo gusuzuma nimba ibitigiri vy’impunzi hamwe n’abasaba ubuhungiro bihuye n’ivyanditswe.

HCR ivuga ko ikeneye kumenya neza ko imfashanyo zishikira vy'ukuri abo ziba zigenewe.

Igihugu ca Uganda cakiriye impunzi zishika umuliyoni 1.4, zaje ziva muri Sudani y’epfo, Republika iharanira demokarasi ya Kongo hamwe n’Uburundi. Reta y'Ubuganda yarashimiwe ku mutima w’urukundo yerekanye mu kwugururira imiryango impunzi zihunga intambara no guhamwa.

Ariko mu kwezi guheze harashikirijwe amakuru yo kurya ibiturire biharurwa mu ma miliyoni y’amadolari mur'ico gisata c'impunzi, hamwe n’ugukoresha impunzi, bituma ishusho y’ico gihugu iboneka nabi mu makungu. Abetegetsi bane muri reta barakuwe mu mabanga kandi bariko baratohozwako.

Iyi nkuru tuyikesha Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika, ku cicaro ca HCR i Geneve, Lisa Schlein.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG