Uko wahagera

Uganda: Kale Kayihura na Henry Tumukunde Babogojwe


Perezida wa Uganda Yoweri Museveni, n'umutambukanyi wiwe Janet Museveni, mu birori vyo kumwimika, Kampala, Itariki 12/05/2016.

Perezida wa Uganda Yoweri Museveni yakuye mu mabanga umukuru w’igiporisi, Kale Kayihura, hamwe n’umushikiranganji w’umutekano mu gihugu, Henry Tumukunde. Ni mw'itangazo ryasohowe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu kuri uyu w’Imana.

Kale Kayihura yahowe ko ubugizi bwa nabi bwiyongereye cane mur’ico gihugu, cane cane ku murwa mukuru Kampala, hamwe n’ibiturire vyabaye ndanse mu giporisi. Yasubiriwe n’umugenzuzi mukuru w’igiporisi Okoth Ochola.

Umushikiranganji w’umutekano, Henry Tumukunde, yaranebaguwe n’uko igiporisi kidakora neza kandi ntiyahuza n’umukuru w’igiporisi Kale Kayihura, nkuko iryo tangazo rya perezida ribandanya rivuga. Na we asubiriwe na jenerali Elly Tumwiine.

Abo bategetsi babiri babogojwe barafatanije na Museveni mu rugamba rwo kwigarurira igihugu, rwashikanye Yoweli Museveni ku butegetsi mu mwaka w’1986.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG