Uko wahagera

Amatohoza Ku Bitero Muri Burkina Faso Yatanguye


Umushikiranganji wa mbere wa Burkina Faso, Paul Kaba Thieba, ariyamiriza yivuye inyuma ibitero vyakozwe ahakorera ibiro bikuru vya gisirikare n’ubuserukizi bw’Ubufaransa muri ico gihugu.

Mu rugendo yakoze kuri uno wa gatandatu muri ivyo bibanza bibiri, Thieba, mu majambo yiwe yagize ati "Ndunamiye n’icubahiro cose intwari zacu zizize demokarasi no gukunda igihugu. Abakora ibikorwa vy’iterabwoba bateshwe bate, ntibazoshobora gucanishamwo abanyeburkinafaso.”

Ibitigiri bitangwa n’ubuserukizi bw’Ubufaransa muri Burkina Faso, vyerekana ko abagera kuri 28 aribo baguye muri ivyo bitero. Ubwo buserukizi bwemeza ko muri abo ata mufaransa n’umwe arimwo.

Abajejwe umutekano mu gihugu, ku ruhande rwabo bemeza ko 16 aribo baguye muri ivyo bitero, mugihe abarenga mirongo umunani babikomerekeyemwo.

Muri abo 16 batangazwa n’abajejwe intwaro, umunani ni abasoda ba Reta, abandi umunani nabo abarwanyi.

Nta muhari w’iterabwoba n’umwe uriyitirira ivyo bitero.

Mu rugendo rwiwe, Thieba, yavuze ko amatohoza aza yatanguye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG