Uko wahagera

Rwanda-TPIR: Abagirizwa Jenoside Barungitswe muri Benin


Patiri Emmanuel Rukundo arinzwe n'abapolisi ba ONU muri sentare TPIR, Arusha, Tanzaniya, Itariki 26/09/2001.
Patiri Emmanuel Rukundo arinzwe n'abapolisi ba ONU muri sentare TPIR, Arusha, Tanzaniya, Itariki 26/09/2001.

Abanyarwanda 4 bagirizwa ivyaha vy’ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu Rwanda mu 1994 barungitswe kurangiriza ibihano vyabo mu gihugu ca Benin. Igisata ca Sentare ya ONU ni co cabarungitse bakuwe i Arusha aho bahora bafungiwe. Barimwo abaciriwe gufungwa ubuzima bwabo bwose.

Abo Banyarwanda barimwo Jeneral Augustin Bizimungu, yahoze ari umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare. Mu mwaka w’2014, yari yakatiwe gufungwa imyaka 30 na sentare idasanzwe yashiriweho u Rwanda TPIR. Uwo mugabo w’imyaka 65 yafatiwe muri Angola mu mwaka w’2002, ajanwa gufungirwa i Arusha, ahari sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’u Rwanda.

Uwugira kabiri ni Gregoire Ndahimana yafatiwe muri Kongo mu ntara ya Kivu yo mu buraruko mu mwaka w’2009. Mu mwaka w’2013, yakatiwe gufungwa imyaka 25. Uwo mugabo w’imyaka 66, yari Burugumestre wa komine kivumu, ubu ni mu ntara y’Uburengerazuba, ahiciwe Abatutsi barenga 2000 mw’isengero rya Katolika ry’i Nyange.

Uwugira gatatu yajanywe muri Benin ni Calixte Nzabonimana. Uyu mugabo w’imyaka 65 y’amavuko, sentare Mpuzamakungu mpanavyaha yashiriweho u Rwanda TPIR yamukatiye gufungwa ubuzima bwiwe bwose mu mwaka w’2012. Nzabonimana Callixte yahoze ari umushikiranganji w’urwaruka mu gihe c’ihonyabwoko ryakorewe abatutsi muri 94. Yafatiwe muri Tanzaniya mu mwaka w’2008.

Uwugira kane ariwe wa nyuma mu bajanwe mu gihugu ca Benin ni Ildephonse Nizeyimana yari Capitaine mu gisirikare ca kera c’u Rwanda. Mu mwaka w’2012 sentare ya TPIR yamukatiye gufungwa ubuzima bwiwe bwose. Uwo mugabo w’imyaka 55 y’amavuka, mu vyo yagirijwe harimwo ko ari we yategetse kwica umwamikazi Rosaliya Gicanda. Yafatiwe mu gihugu ca Uganda mu mwaka w’2009.

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cashizweho ngo kirangize imanza zasigajwe n’iyo sentare TPIR yabaciriye imanza, kivuga ko bagiye mu gihugu ca Benin kurangirizayo ibihano baciriwe. Ukwo niko amasezerano y’iyo sentare avuga, ko ibihugu bitandukanye bibwirizwa kwakira abaciriwe imanza bakava i Arusha ahari ibohero rya ONU.

Mu mpera z’umwaka uheze, abandi Banyarwanda 4 bakuwe muri iryo bohero maze bakirwa n’igihugu ca Senegal.

Igihugu ca Benin, ciyongereye ku bindi bihugu nka Senegal, Mali vyari bimaze kwakira abandi Banyarwanda baja kurangirizayo ibihano.

Muri iryo bohero ubu hasigayeyo abandi Banyarwanda 2 batararonka ibihugu bibakira. Abo nabo ni Agustin Ngirabatwara yahoze ari umushikiranganji w’imigambi ya Reta mfatakibanza igihe c’ihinyabwoko ryakorewe Abatutsi mu Rwanda, yakatiwe gufungwa imyaka 30.

Igisata ca ONU casubiriye sentare TPIR ngo kirangize imanza zasigaye cemeje ko kiriko citegurira vuba gusubiramwo kuburanisha urubanza rwiwe rwose.

Uwundi ahasigaye ni uwahoze ari umushikiranganji w’iterambere ry’ingo Pauline Nyiramasuhuko, yakatiwe gufungwa imyaka 47. Yamara, hari n’abandi barekuwe kubera barangije ibihano vyabo canke bambitswe izera, bakiba i Arusha. Nabo ONU ivuga ko babwirizwa kuronka ibihugu bibakira. Ariko yaba ibihugu bibamwo imiryango yabo canke ibindi vyaranse kubakira. Abo ukwari 11 baba mu nzu imwe icunzwe na ONU i Arusha nk’abanyeshure bari mu ndaro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG