Uko wahagera

Mali: Abasilikali 4 ba ONU Bishwe


Abasirikare babungabunga amahoro muri Mali, Bamako, Itariki 27/09/2017. Bane barishwe inyuma y'aho imodoka barimwo iciye kuri mine.
Abasirikare babungabunga amahoro muri Mali, Bamako, Itariki 27/09/2017. Bane barishwe inyuma y'aho imodoka barimwo iciye kuri mine.

Umuryango w’Abibumbye ONU uratangaza ko abasilikali bayo 4, bo mu mutwe w’ingabo z’amahoro MINUSMA, bishwe mu ntara ya Mopti, hagati no hagati muri Mali.

Imodoka yabo yakandagiye igisasu cya mine, kirayiturikana. Abandi basilikali 4 bakomeretse.

Ejobundi kuwa kabili abasilikali 6 ba Mali biciwe mu ntara ya Mopti, nabo banyuze hejuru ya mine.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yamaganiye kure ibi bitero ku ngabo z’amahoro n’iza Mali. Yasobanuye ariko ko bitazaca intege MINUSMA.

MINUSMA ifite abasilikali ibihumbi 11. Yatangiye imilimo yayo mu 2013 mu rwego rwo gutera inkunga mu rugamba rwo kurwanya imitwe y’iterabwoba muri Mali.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG