Uko wahagera

Somaliya: Aba Al-Shabab 2 Barishwe n'Indege za USA


Abarwanyi ba Al-Shabab mu myimenyerezo ya gisirikare mu micungararo ya Mogadishu, Somaliya, Itariki 17/02/2011

Igisirikare ca Reta zunze ubumwe z'Amerika ku mugabane w’Afrika gitangaza ko cishe abarwanyi babiri ba al-Shabab, gikomeretsa uwundi umwe mu gitero cabereye mu bumanuko bwa Somalia.

Ico gisirikare ca Africom kivuga ko ico gitero c’indege cabaye ku musi wa mbere mu micungararo y’igisagara ca Jilib, mu ntara ya Middle Jubba.

Kibaye igitero c’indege ca kane abasirikare b’Amerika bakoze muri Somaliya kuva uyu mwaka utangura. Ibitero biheruka nk'ibi vyabaye mu kwezi kwa mbere itariki 2 hamwe n’ukwezi kwa kabiri itariki 19.

Haruhande y’ivyo bitero, abategetsi ba Somaliya batangaje ku musi w’Imana ko abarwanyi ba al-Shabab 10 batorotse ikigo barimwo co kubaha inyigisho zo gukunda igihugu mu gisagara ca Garowe.

Abategetsi b’intara ya Puntland ntibashimye kuvugira mu bimenyeshamakuru ukwo gutoroka, ariko amakuru Ijwi ry’Amerika ryashoboye kuronka avuga umukuru w’iyo ntara, Abdiweli Mohamed Ali Gas, yategetse amatohoza kur’ayo makuru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG