Uko wahagera

Abasirikare 2 Barishwe na Boko Haram muri Nijeriya


Abasirikare ba Nijeriya bitegura kuva i Maiduguri bagana ibarabara ro mu gisagara Damboa muri reta ya Borno muri Nijeriya, itariki 25/03/2016.
Abasirikare ba Nijeriya bitegura kuva i Maiduguri bagana ibarabara ro mu gisagara Damboa muri reta ya Borno muri Nijeriya, itariki 25/03/2016.

Abasirikare babiri ba Nijeriya bishwe abandi bane barakomereka mu mutego w’abarwanyi b’umurwi Boko Haram mu ntara ya Borno, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu. Ivyo vyatangajwe n’igisirikare kur'uy wa kabiri.

Ico gitero cabaye ku musi wa mbere mu gihe abasirikare bariko baja mu gisagara Damboa bavuye mu gisagara ca Biu.

Intara ya Borno irageramiwe n’umugumuko w’intagondwa z’Abayisilamu umaze guhitana abantu ibihumbi mirongo ibiri, abandi barenga imiliyoni zibiri n’ibihumbi amajana atandatu barava mu zabo kuva mu mwaka w’i 2009.

Abategetsi b’igisirikare ca Reta batangaza ko abasirikare baguye mu mutego w’umurwi Boko Haram igihe bari bagiye mu gisagara ca Damboa bavuye mu gisagara ca Biu.

Bamenyesha ko igisirikare carwanije abagira iterabwoba bo mu murwi Boko Haram, gitakaza abantu babiri. Bamenyesha kandi ko imodoka y’igisirikare yafashwe mur’ico gitero.

Mu ndwi iheze abarwanyi b’umurwi Boko Haram baragize igitero kw’ishule y’abigeme ya Dapchi, mu ntara ya Yobe. Banyuruje abanyeshule b’abigeme ijana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG