Uko wahagera

Rwanda: HCR Yemeza Impunzi 11 Zishwe i Karongi


Impunzi z'Abanyekongo ziciwe ku Biro bya HCR I Karongi zashyinguwe
Impunzi z'Abanyekongo ziciwe ku Biro bya HCR I Karongi zashyinguwe

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku mpunzi HCR catangaje ko impunzi 11 z’Abanyekongo ari zo zishwe n’igipolisi c’u Rwanda mu gihe bari mu myiyerekano ku musi wa kane yo gusaba iyongerezwa ry’ibifungurwa. Ivyo biri mw’itangazo ryasohowe kur’uyu wa mbere na HCR.

Ibitigiri vyari vyatanzwe n’abategetsi b’u Rwanda umusi umwe inyuma y’iyo myiyerekano vyari abantu batanu bapfuye.

HCR ivuga ko ibabajwe n’ubwicanyi bwakorewe impunzi zari mu myiyerekano kw’itariki 22 y’ukwezi kwa kabiri, aho abantu 11, umunani muri bo bapfiriye mu karere ka Karongi, batatu bicirwa mu kambi ya Kiziba mu burengero bw'u Rwanda.

Igipolisi c’u Rwanda catangaje ko bamwe mur’izo mpunzi bari bafise amabuye, inkoni hamwe n’ivyuma kandi bateye batako bakomeretsa abapolisi indwi.

Daniela Ionita wo mu biro vya HCR mu Rwanda yavuze ko ugukoresha inguvu zirengeye iz’abanyagihugu bitari bikwiye gukorwa kandi ko iyo ngendo atari iyo kwihanganira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG