Uko wahagera

Perezida Trump Arabonana na ba Guverineri b'Amerika


Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika ashikiriza ijambo mu nama yerekeye ivya politike, itariki 23/2/2018
Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika ashikiriza ijambo mu nama yerekeye ivya politike, itariki 23/2/2018

Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika atangaza ko agiye kuganira ku bwicanyi bwabereye kw’ishure ryisumbuye muri Reta ya Florida na ba buramatari b’ama reta yose y’Amerika.

Trump avuga ko ubwo bwicanyi butagira izina bwahitanye ubuzima bw'abanyeshure 17 n’abigisha, kiza mu vya mbere baganira mu mubonano utegekanijwe kur’uyu wa mbere ku biro vyiwe, White House.

Abo ba buramatari hamwe n’abatambukanyi babo bashitse i Washington ku mugoroba wo kur’uyu w’Imana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG