Uko wahagera

Abategetsi ba Somaliya Bahagurukiye Umutekano i Mogadishu


Umushikiranganji wa mbere wa Somaliya, Hassan Ali Khaire
Umushikiranganji wa mbere wa Somaliya, Hassan Ali Khaire

Umushikiranganji wa mbere wa Somaliya, Hassan Ali Khaire yetegetse igipolisi hamwe n’urwego rw’iperereza gukomeza umutekano vuba bwango gushika kw’ijana kw’ijana mu murwa mukuru Mogadishu. Ni inyuma y’ibitero vya Al-Shabab vyahitanye ubuzima bw’abababa 40 ku musi wa gatanu.

Igitero co ku musi wa gatanu cabaye ica mbere cakozwe na Al-Shabab ku murwa mukuru kuva mu kwezi kw’icumi, igihe bombe yari itezwe mu modoka yo mu bwoko bw’ikamyo yiciye abarenga 500. Iki gitero cakurikiwe n’ikindi cabereye kw’ihoteli inyuma y’indwi zibiri zakurikiye cahitanye abandi 30.

Khaire yavuze ati :"Umutekano niwo uza imbere ya vyose”. "Ntituzokwihanganira ubwicanyi ku banyagihugu bacu. Ntituzocirwa intege n’igisasu kimwe canke bibiri. Ni ngombwa kurangiza umutekano muke ku murwa mukuru Mogadishu."

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG