Uko wahagera

ONU: Abategetsi Barenga 40 Bakekwa Ivyaha muri Sudani y'Epfo


David Shearer, ibubamfu, arongoye umurwi wa ONU muri Sudani y'epfo arikumwe na Eugene Nindorera ayoboye igisata ca ONU c'agateka ka muntu, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Juba, Sudani y'epfo, itariki 22/02/2018.

Abajejwe amatohoza b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bamenyesha ko abategetsi ba Reta n’igisirikare barenga 40 muri Sudani y’ubumanuko bashobora kuba barakoze ivyaha vyo mu ntambara n’ivyaha bityoza agateka ka muntu.

Ivyo vyaha bivugwa ko vyakozwe mu ntambara ibandanya mur’ico gihugu. Iyo ntambara yahitanye abantu ibihumbi n’ibihumbi, abandi barenga imiliyoni zine bateshwa ingo zabo.

Icegeranyo c’igisata ca ONU kijejwe agateka ka muntu casohowe kur’uyu wa gatanu, ku vyerekeye Sudani yo mu bumanuko, kirerekana ubunyamaswa bwakozwe ku basivile muri Sudani yo mu bumanuko.

Ico cegeranyo kivuga ko bamwe mu basivile baokowe amaso, baracibwa amazosi mu gihe abandi bashahuwe. Abandi barafashwe ku nguvu, canke bategekwa ku nguvu kurorera mu gihe ababo bariko bafatwa ku nguvu.

Ico cegeranyo ca ONU cerekana kandi ugutoteza abantu bifatiye ku bwoko. Itohoza ryafatiye ku bantu 230 bavuze ivyo babonye n’inzandiko zigera ku bihumbi mirongo itandatu.

Intambara muri Sudani yo mu bumanuko yadutse mu kwezi kwa cumi na kabiri mu mwaka w’i 2013. Iyo ntambara iri cane cane hagati y’abo mu bwoko bw’aba Dinka bashigikiye Perezida Salva Kiir n’aba Nuer bashigikiye Riek Machar yahoze ari icegera ca Perezida.

Amasezerano y’amahoro yari yashitsweko mu mwaka w’i 2015 yarasambutse. Agahengwe kashitsweko mu mwaka uheze nta kinini kashitseko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG