Uko wahagera

Sudani y'Epfo: William John Endley Yaciriwe Urwo Gupfa


William John Endley yahoze ari umusirikare w’intwazangabo w’ipete rya koloneli mu gisirikare c’igihugu ca Afrika y’epfo
William John Endley yahoze ari umusirikare w’intwazangabo w’ipete rya koloneli mu gisirikare c’igihugu ca Afrika y’epfo

William John Endley, yahoze ari umusirikare w’intwazangabo w’ipete rya koloneli mu gisirikare ca Afrika y’epfo, yaciriwe na sentare yo muri Sudani yo mu bumanuko, uno musi ku wa gatanu, igihano co kwicwa amanitswe.

William John Endley, afise imyaka 55 muri iki gihe, yagirijwe ko yarondeye gutembagaza Reta ya Sudani yo mu bumanuko n’ugusuma urusaku. Ivyo vyatangajwe n’umucamanza wo ku murwa mukuru wa Sudani yo mu bumanuko, Lado Eriminio Sekwat. Yaciriwe kandi umunyororo w’imyaka icenda n’amezi ane imbere y'uko amanikwa.

Endley yari yagenywe mu mwaka w’i 2016, kuba umuhanuzi wa Riek Machar, yahoze ari icegera ca Perezida, akaba n’umukuru w’umurwi urwanya ubutegetsi bwa Sudani yo mu bumanuko. Endley yari umuhanuzi akoresheje ubuhinga bwiwe ku vyerekeye gusubiza mu gisirikare c’igihugu inteko zirwanya ubutegetsi.

Yahagaritswe mu kwezi kw’umunani, umwaka w’i 2016 ku kibuga c’indege co ku murwa mukuru, Juba. Ni indwi nkeyi inyuma y'uko habaye ugutana mu mitwe gukomeye ku murwa mukuru hagati y’inteko za Perezida Salva Kiir n’iza Riek Machar. Mu nyuma y'aho Machar yategerejwe guhunga igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG