Uko wahagera

Indimi Zibiri ku Bakobwa Bataraboneka muri Nijeriya


Abigeme bari banyurujwe na Boko haram kw'ishure rya Chibok, bariko bakirwa n'abategetsi i Abuja, Nigeria, itariki ya 7/05/2017.
Abigeme bari banyurujwe na Boko haram kw'ishure rya Chibok, bariko bakirwa n'abategetsi i Abuja, Nigeria, itariki ya 7/05/2017.

Ishavu n’ubwoba birabandanya vyiyongera mu bavyeyi mu buraruko bwa Nijeriya, bavuga ko abana babo b’abakobwa bashika 100 bataraboneka inyuma y’igitero cakozwe n’abarwanyi ba Boko haram.

Abatetetsi muri reta ya Yobe bavuga ko abigeme 50 bataraboneka inyuma y’ico gitero cabaye ku wa mbere ku mugoroba mu mihana y’ahitwa Dapchi. Gushik’ubu haracari kutavuga rumwe ku ma raporo ku bitigiri vy’abakobwa babonetse hamwe n’abataraboneka.

Igipolisi co mur’iyo ntara hamwe n’abo mu bushikiranganji bw’indero bari bavuze ko abo banyeshure banyurujwe. Ariko mu nyuma bavuga ko binyegeje mw’ishamba inyuma yo guhunga ico gitero.

Igisirikare ca Nijeriya ku musi wa gatatu catangaje ko carokoye abakobwa 76. Ariko buramatari wa reta ya Yobe, Ibrahim Gaidam kur’uyu wa kane igihe yagendera iryo shure Boko haram yateye yabwiye abavyeyi ibinyuranye n’ivyashikirijwe n’igisirikare, ko ata n’umwe yarokowe.

Perezida wa Nijeriya, Muhammadu Buhari mu butumwa bwa Twitter yashikirije kum musi wa gatatu yavuze ko agiye gukora ibishoboka vyose abo bana b’abakobwa bagarukanwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG