Uko wahagera

USA Yagiriza Uburusiya Ubwicanyi Bubera muri Siriya


Hala, umwana w'imyaka 9, ariko aravurwa inyuma y'aho akomerekejwe n'ibitero vya reta ta Siriya mu ntara ya Ghouta, itariki 22/02/2018.

Reta zunze ubumwe z’Amerika zashikirije kur’uyu wa kane ko Uburusiya bufise uruhara runini mu bitero biriko birakorwa na reta ya Siriya bimaze guhitana ubuzima bw’abantu barenga 400 kuva ku musi w’Imana mu gisagara ca Ghouta.

Heather Nauert , avugira departema ya reta y'Amerika yabibwiye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kane, yongerako ko abandi banyagihugu 46 biyongera kur’ico gitigiri bishwe ku wa kane.

Ivyo abitangaje inyuma y’amasaha make inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw'isi inaniwe kwumvikana ku nteguro y’itegeko risaba agahengwe k’imisi 30 muri Siriya kugira abafasha bashobore gushikira abakeneye imfashanyo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG