Uko wahagera

RDC: Abanyagihugu Barahunga Intambara muri Beni


Abasirikare ba reta ya Congo FARDC barasira ahitwa Matombo, ku bilometero 35 mu buraruko bwa Beni, mu ntara ya Kivu y'uburaruko. Itariki 13/01/2018.

Ugutana mu mitwe hagati y’igisirikare ca Republika iharanira demokarasi ya Kongo hamwe n’abarwanyi b’Abayisilamu b’Abaganda bo mu muhari ADF kwatumye kur’uyu wa kane abanyagihugu bo mu gisagara ca Mbau muri ntara ya Beni bata ingo zabo barahunga.

Teddy Kataliko, arongoye urunani rw'amashirahamwe adaharanira inyungu za politike muri Beni mu ntara ya Kivu y’uburaruko, yavuze ko abanyagihugu bashirwagiye, bamwe baja ahitwa Oicha mu buraruko abandi berekeza mu bumanuko.

Agace ka Mbau kabamwo abanyagihugu bashika ibihumbi 30.000 kari ku bilometero 20 mu buraruko bwa Beni.

Republika irahanira demokarasi ya Kongo iharurwamwo abateshejwe izabo bagera ku miliyoni 4,5 nkuko bishikirizwa n’amashirahamwe atanga imfashanyo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG