Uko wahagera

Somaliya: Ibitero vya Drone Vyishe Abandi ba Al Shabab


Abarwanyi ba Al-Shabab mu myimenyerezo ya gisirikare mu micungararo ya Mogadishu, Somaliya, itariki 17/02/ 2011.
Abarwanyi ba Al-Shabab mu myimenyerezo ya gisirikare mu micungararo ya Mogadishu, Somaliya, itariki 17/02/ 2011.

Indege y’Abanyamerika yo mu bwoko bwa drone yarishe abarwanyi ba Al-Shabab mu bumanuko bwa Somaliya.

Amakuru atangwa n’abavyiboneye avuga ko ibisasu vya misile vyarashwe ku musi wa gatatu ku modoka yarimwo aba Al Shabab hafi y’igisagara ca Jamaame, mu bumanuko bw’intara ya Lower Juba.

Umutegetsi wa reta ya Somaliya atashimye ko izina ryiwe rimenyekana yabwiye Ijwi ry’Amerika ko abarwanyi batanu bapfuye ba Al Shabab. Ico gitero kandi cemejwe n’abavyiboneye hamwe n’ababa mur’ako karere bashimye na bo ko amazina yabo atavugwa kubwo gutinya ko umutekano wawo ubangamirwa.

Iki gitero kiri mu rukurikirane rw’ibindi abasirikare ba Reta zunze ubumwe z’Amerika bariko barakora kuri Al Shabab no ku muhari wa reta ya kiyisilamu bafadikanije na reta ya Somaliya.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG