Uko wahagera

EAC: Visi Prezida w'Uburundi Arashima Intambwe y'Ibiganiro.


Gaston Sindimwo ni icegera c'umukuru w'igihugu w'Uburundi
Gaston Sindimwo ni icegera c'umukuru w'igihugu w'Uburundi

Kuva kw'itariki 21 y'ukwezi kwa kabiri, i Kampala mu gihugu c'Ubuganda, harakoraniye inama nkuru y'abakuru b'ibihugu vyo mu karere ka Afurika yo mu buseruko (EAC).

Abakuru b'ibihugu ba Uganda, Tanzaniya, kenya na Sudani yo mu bumanuko bari muri iyo nama. U Rwanda n'Uburundi bihagarariwe n'abayobozi mu nzego zo hejuru.

Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu w'Uburundi, Gaston Sindimwo, ni we yaserukiye Uburundi muri iyo nama. Yavuganye n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Frederic Nkundikije aramubwira ibizokwigirwa muri iyo nama.

please wait

No media source currently available

0:00 0:09:29 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG