Uko wahagera

Trump: Abigisha Bakwiye Gutondana inkoho zo Kwivuna Umwansi


Perezida Donald Trump agirana ikiyago n'abanyeshure hamwe n'abigisha barokotse ubwicanyi kw'ishure Marjory Stoneman Douglas, White House, itariki 21/02/2018
Perezida Donald Trump agirana ikiyago n'abanyeshure hamwe n'abigisha barokotse ubwicanyi kw'ishure Marjory Stoneman Douglas, White House, itariki 21/02/2018

Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Donald Trump abandanya gushikiriza iciyumviro c’uko abigisha bo mu mashure ya reta bashobora kuzohabwa ibigwanisho bokoresha mu kazi mu gihe vyoba ngombwa.

Ku rubuga rwiwe rwa twitter, Trump aratomora neza ico ciyumviro, avuga ko abazohabwa ivyo bigwanisho bazoba ari abazoba barahawe imyimenyerezo yo kubikoresha, harimwo abahoze mu gisirikare canke abasanzwe bafise ubumenyi bwo kubikoresha.

Trump avuga ko guha abigisha inkoho ntonto ngendanwa zihishije kuri abo bigisha babifitiye ubumenyi, bashobora kuzikorako mu mwanya muto, bakivuna umugizi wa nabi afise ibibazo vyo mu mutwe mu gihe yoza kw'ishure afise imigambi igayitse.

Trump yari yashikirije ico ciyumviro mu nama yagirishije ku biro vya White House, inyuma y’indwi imwe iheze habaye igitero cahitanye abana 17 kw'ishure ryitwa Stoneman Douglas High School mu gisagara ca Parkland muri reta ya Florida.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG