Uko wahagera

Bamwe mu Bigeme bo muri Nijeriya Babonetse


Abigeme bo kw'ishure rya Chibok baheruka kurekurwa na Boko Haram bari i Abuja, Nijeriya, Ukwezi kwa 5/7/2017.

Abategetsi muri Nijeriya batanganza ko bamwe mu bigeme bari biketswe kuba baranyurujwe n’umuhari w’abagwanyi ba Boko Haram mu ntango z’iyi ndwi babonetse.

Abo bigeme bari barabuze amarengero yabo, batowe ejo ku musi wa gatatu ku mupaka w’ibigwati bibiri vya Yobe na Borno. Ni inyuma y’imisi ibiri abagwanyi ba Boko Haram bagize igitero kw’ishure rya reta riri mu kigwati ca Dapchi mu buraruko bushira ubuseruko bw’ico kigwati ca Yobe.

Abantu bakurikiranye hafi ikibazo c'abo bana, bavuze ko vyagiye kumenyekana ko abanyeshure 91 babuze inyuma y'aho vyibonekeje ko batari ku rutonde rw’abanyeshure batonze kw’ishure ku musi wa kabiri.

Ibura ry'abo bana ryateye amakenga abatari bake kuko baketse kw’ari irindi nyuruza ry’abana nk’iriheruka kugigwa ku bagera kuri 276 kw’ishure rya Chibok mu mwaka w'i 2014.

Haciye hafi imyaka ine, abigeme ijana muri abo banyurujwe kw’ishure rya Chibok n’ubu ntawuzi amarengero yabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG