Uko wahagera

USA: Reta Yoba Igiye Gufatira Uburusiya Ibindi Bihano


Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya na Donald Trump mu nama i Vietnam, itariki 11/11/2017
Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya na Donald Trump mu nama i Vietnam, itariki 11/11/2017

Ibiro vya Perezida muri Reta zunze ubumwe z’Amerika White House biri mu nzira yo gufatira ibindi bihano Uburusiya. Ivyo vyashikirjwe kur'uyu wa gatatu n’abategetsi bakomeye ba reta ya Trump.

Inama nshingamateka y’Amerika yeremeje gufatira ibihano Uburusiya, bwagirizwa n’Abanyamerika kwivanga mu matora yo mu 2016. Mu mpera z’ukwezi kwa mbere, Abarusiya 200 nibo batangajwe ko bagize uruhara mu guhungabanya ayo matora ariko nta bihano bafatiwe.

Bamwe mu bagize reta ya Trump batashimye ko amazina yabo ashirwa ahabona basiguye ko hari umurwi washinzwe kugira baburizemwo iyindi migambi igayitse y’Uburusiya mu matora yimirije.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG