Uko wahagera

Abasirikare 2 b’Abafaransa Barishwe muri Mali


Abasirikare b'Ubufaransa mu bikorwa vyo gukizura akarere i Tillit, Mali, 01/11/2017.

Abasirikare 2 b’Abafaransa barishwe uwundi arakomereka kur’uyu wa gatatu inyuma y'aho imodoka barimwo yaca kuri bombe yahambwe mu kuzimu mu buraruko bwa Mali, agace kari hafi y’ububibe n’igihugu ca Nijeri kazwimwo abakora iterabwoba.

Itangazo ryashikirijwe n'ibiro vya perezida w’Ubufaransa rivuga ko Emmanuel Macron yifatanije n’imiryango y’abasirikare bapfuye yongera ashima ukwitanga kw’abasirikare b’Ubufaransa mu karere ka Sahel.

Abasirikare 4000 b’Abafaransa nibo barungitswe mu karere ka Sahel kurwanya abakora iterabwoba. Abo basirikare 2 bishwe kur'uyu wa gatatu baciye bashikana ku gitigiri ca 12 c’Abafaransa bishwe kuva mu mwaka w’2014 barungikwa mur’ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG