Uko wahagera

Abanyeshule Barusimvye Barabonana na Perezida Trump


Bamwe mu banyeshure barokotse ubwicanyi kw'ishule Marjory Stoneman Douglas High School
Bamwe mu banyeshure barokotse ubwicanyi kw'ishule Marjory Stoneman Douglas High School

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump arabonana ngoro yiwe, Maison Blanche, uno musi ku wa gatatu, n’abanyeshule, abavyeyi n’abigisha basinzikajwe n’abihaye inkumbi boresheje inkoho mu mashule muri Amerika.

Iyo nama na Prezida Trump iraba irimwo abanyeshule bo kw’ishule yisumbuye ya Marjory Stoneman Douglas mu gisagara ca Parkland muri reta ya Florida. Umunyeshule yahoze yiga kuri iryo shule yishe abantu cumi n’indwi.

Abanyeshule barenga ijana bo kuri iryo shule nabo bahuriye ku nyubakwa y’inama nshingamateka na nkenguzamateka yo muri Reta ya Florida. Basaba kw’ingingo zikomeye zifatwa ku vyerekeye kugura inkoho.

Perezida Trump yatangaje, ku musi wa kabiri, ko ubwicanyi bwabaye mu gisagara ca Parkland ari ububisha bukabije cane.

Mu butumwa yashize ku rubuga Twitter mu nyuma yaho, Trump yavuze ko ko abademokrate n’abarepublika bategerezwa gushimikira ku vyerekeye kugira itohoza ku bantu bashaka kugura inkoho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG