Uko wahagera

Umuvuga Butumwa Billy Graham Yitavye Imana


Umuvuga butumwa w'Umunyamerika Billy Graham aramutsa abantu muri stade Qualcomm i San Diego, muri Californiya, 6/05/2003 .
Umuvuga butumwa w'Umunyamerika Billy Graham aramutsa abantu muri stade Qualcomm i San Diego, muri Californiya, 6/05/2003 .

Umuvuga butumwa w’umunyamerika, Billy Graham, kenshi abonwa n’abantu benshi ko ari we muvuga butumwa yagize uruhara rukomeye cane mu kinjana ca mirongo ibiri, yitavye Imana uno musi ku wa gatatu afise imyaka 99.

Graham yashikirije ubutumwa abantu barenga imiliyoni 200 mu bihugu n’intara 185 vyo kw’isi.

Yaragirishije ibikorane bikomeye vyitabiwe n’abantu ibihumbi n’ibihumbi, ashikira abandi imiliyoni n’imiliyoni biciye kuri televiziyo na satellite.

Mu myaka 70 yamaze atanga ubutumwa, Graham yatangaje ko kwemera Yezu Kristu ari yo nyishu yonyene ku bibazo bigeramiye abantu kw’isi.

Billy Graham yagirishije ibikorane mu turere twose tugize isi, kiretse mu karere ka Antarctica. Yarashikirije ubutumwa mu bihugu vyahoze ari ivy’abasoviyete imbere yuko intwaro za gikomunista zisenyuka muri ivyo bihugu.

Mu gihe c’ubukanye mu mwaka w’i 1994, Graham yarashikirije ubutumwa mu bihugu vy’Ubushinwa na Koreya ya ruguru. Yarabonanye n’abategetsi b’abanyepolitike n’abayobozi b’amadini muri ivyo bihugu.

Ivyo vyatumye atangaza idini ry’abakristu ritakiri idini ry’ibihugu vyo mu burengero bw’isi gusa.

Billy Graham yabaye umuhanuzi mu vy’idini w’abaprezida batwaye Amerika kuva kuri Harry Truman mu myaka yo mu za 40 gushika kuri Prezida Barack Obama mu myaka ya vuba.

Amagara yiwe yaracumbagiye mu myaka ya vuba. Yitavye Imana i muhira iwe mu gisagara ca Montreat, muri reta ya Carolina yo mu buraruko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG