Uko wahagera

Abapolisi 5 Bishwe muri Afurika y'Epfo


archives
archives

Abapolisi 5 bo mu gihugu ca Afrika y’epfo n’umusirikare atari ku mirimo yiwe bishwe, kur'uyu wa gatatu. Vyabaye mu gitero cagizwe kuri stasiyo y’igipolisi iri hagati mu gihugu.

Umuvugizi w’igipolisi amenyesha ko abantu bitwaje ibirwanisho bateye iyo stasiyo iri mu mihana y’ahitwa, Engcobo, inyuma y’isaha zitandatu zo mw’ijoro mu masaha y'aho.

Basahuye ibirwanisho, banyuruza abandi bapolisi babiri igihe abagize ico gitero bariko bahunga mu modoka y’igipolisi. Umusirikare atari ku mirimo yiwe yishwe arashwe n’abagize igitero igihe bariko barahunga.

Ibiziga vy’abapolisi 2 bari banyurujwe vyatowe inyuma yaho vyatawe ku ruhande rw’ibarabara.

Umushikiranganji ajejwe igipolisi, Fikile Mbalula yavuze kw’igitero c’uno musi ku wa gatatu kuri stasiyo y’igipolisi ari ibintu bibabaje cane.

Afrika y’epfo ni kimwe mu bihugu birangwa n’ubugizi bwa nabi bukomeye cane kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG