Uko wahagera

USA: Abanyeshure Barokotse Ubwicanyi Bahagurukiye Ubutegetsi


Abanyeshure bo kw'ishure Marjory Stoneman Douglas bariko bakurikirana abashingamateka ba reta ya Florida bariko biga itegeko ku nkoho ziremereye.
Abanyeshure bo kw'ishure Marjory Stoneman Douglas bariko bakurikirana abashingamateka ba reta ya Florida bariko biga itegeko ku nkoho ziremereye.

Abanyeshure bo kw’ishure ryisumbuye muri reta ya Florida ahiciwe abantu 17 mu ndwi iheze batangaza ko batazocika intege n’aho abashingamateka b’iyo reta banse kwemeza itegeko rikuraho kugurisha inkoho zikomakomeye ku banyagihugu.

Abashinzwe amategeko muri Florida biganziwe n’abo mu mugambwe w’Abarepublikani banse kwemeza iryo tegeko, bagiriza Abademokrate kuzana ico kibazo c’inkoho inyuma y’ubwo bwicanyi bwakozwe n’umusore w’imyaka 19, Nikolas Cruz.

Abanyeshure bashika 100 barokotse ubwo bwicanyi kur’iryo shure bitezwe mu gisagara ca Tallahassee, umurwa mukuru wa reta ya Florida kur’uyu wa gatatu, aho Perezida Trump abonanira n’abavyeyi, abigisha hamwe n’abanyeshure. Ibiro vya White House bivuga ko Trump abumviriza ku kibazo c’umutekano ku mashure.

Abarokotse mur’ubwo bwicanyi i Parkland, ndetse n’abarokotse mu bundi bwicanyi bwabaye mu mashure y’ i Sandy Hook na Columbine na bo baratumiwe mur’uyo mubonano.

Abo banyeshure kandi bategekanya kuzogira urugendo mu mabarabara i Washington DC kw’itariki ya 24 y’ukwezi kwa gatatu, urugendo bataziriye “March for Our Lives” mu congereza, bisigura “Urugendo kubw’ubuzima bwacu" mu ntumbero yo kwiyamiriza amategeko bavuga ko yorohereza abicanyi.

Buramatari wa Reta ya Florida Rick Scott nawe ategekanya kubonana n’abo banyeshure mu mpera z’iyi ndwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG