Uko wahagera

Trump Yagiriza Obama kuri Dosiye y'Uburusiya


Perezida Barack Obama n'umutambukanyi wiwe Michelle Obama baramutsa Donald Trump na Melania Trump kuri White House, Itariki 20/01/2017.
Perezida Barack Obama n'umutambukanyi wiwe Michelle Obama baramutsa Donald Trump na Melania Trump kuri White House, Itariki 20/01/2017.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump kur’uyu wa mbere yongeye kwifatira mu gahanga uwo yasubiriye mu mabanga yo kurongora igihugu, kuba yafashe minenerwe ikibazo c’Uburusiya bwagirizwa guhungabanya amatora yo mu 2016.

Yagize ati: "Obama niwe yatwara igihugu gushika mu gihe c’amatora yo muri 2016. Ni kuki none ataco yigeze akora kur’ico kibazo?" Trump yabishikirije akoresheje mu butumwa bwa Twitter. Ubwo butumwa buta ibirake kuri Obama ni bumwe mu bundi amaze imisi yandika kur'ico kibazo.

Perezida Trump, gushika ubu ntaremera ko Uburusiya bwagize uruhara mu kwivanga mu matora, abandanya ata amakosha ku wo yasubiriye, amwagiriza kuba ataco yakoze kugira abateshe.

Kur’uyu wa mbere, Uburusiya bubicishije ku muvugizi wa Perezida Dmitry Peskov burahakana ko ata ruhara na rutoyi rwabigizemwo kandi ko ivyo vyagiriji ata gaciro babiha.

Ivyo biriko bivugwa inyuma y’imisi mike umushingwamanza adasanzwe Robert Mueller yagirije Abarusiya 13 hamwe n’amashirahamwe 3 y'Abarusiya kuba barajuragije Abanyamerika mu bihe vyo kwiyamamaza biciye mu buhinga bwo guhanahana amakuru kugira bashire hejuru Trump.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG