Reta ya Somaliya yagenye abakuru bashasha mu bisata bijejwe gucungera umutekano, hafi y’amezi ane abahora mur’ayo mabanga bakuwe inyuma y’ibitero vy’iterabwoba vya Al-Shabab bihitiye mur'ico gihugu.
Ariko abahinga bakurikirana ibibera muri Somaliya bagabisha ko abo bategetsi bataje ari abakozi b’ibitangaza kandi bakeneye imfashanyo y’abanyagihugu na reta yabo kugira bashobore kunesha abakora iterabwoba.
Mu nama idasanzwe yabereye i Mogadishu kur’uyu wa mbere, Reta yemeje igenwa rya Hussein Osman Hussein kuyobora ikigo kijejwe iperereza n’umutekano hamwe na Jenerali Bashir Abdi Mohamed kurongora igipolisi.
Mu mwaka uheze, reta ya Somaliya yemeje gushinga igiporisi c’abantu ibihumbi 32 mu gihugu cose, mu gihe ikihari ubu ari igice c’abo.
Facebook Forum