Uko wahagera

USA: Trump Yifatiye mu Gahanga FBI


Perezida Donald Trump ari kumwe n'umuyobozi wa FBI Christopher Wray, mu birori vyo guha impapuro z'umutsindo ku kigo gitangirwamwo inyigisho ca FBI, Quantico, Virginia, 15/12/2017.
Perezida Donald Trump ari kumwe n'umuyobozi wa FBI Christopher Wray, mu birori vyo guha impapuro z'umutsindo ku kigo gitangirwamwo inyigisho ca FBI, Quantico, Virginia, 15/12/2017.

Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yifatiye mu gahanga ibiro vy’inyamiramabi FBI kuba bitabashije gufata nkama amakuru vyahawe yerekeye umusore w’imyaka 19 aheruka kwiha inkumbi kw’ishure ryisumbuye muri reta ya Florida mu ndwi iheze.

Trump abanegura avuga ati: “Batakaza umwanya ku matohoza y’Uburusiya bukekwa kuba bwarakoranye n’abanyegereye mu guhungabanya amatora, kandi ataco bazokuramwo".

Ku musi wa gatanu, ibiro FBI vyaremanze ko bitahaye agaciro amakuru vyaronse mu kwezi kwa mbere ku musore Nikolas Cruz n’umugambi wiwe, indwi zitandatu imbere yuko yica abantu 17 kw’ishure ryisumbuye Marjory Stoneman Douglas, mu gisagara ca Parkland, muri reta ya Florida.

Umushikiranganji w’ubutungane muri Amerika, Jeff Sessions yategetse gutohoza ingene ubushikiranganji arongoye hamwe n’ibiro FBI vyitabira akamo iyo baronse amakuru y’abafise imigambi yo kwica abantu ikivunga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG