Uko wahagera

Isanganya y'Indege Yahitanye 65 muri Irani


Imiryango y'uwapfiriye mw'isanganya y'indege hafi y'igisagara ca Semirom, muri Iran, 18/2/2017.

Indege ya Irani yarahanutse mu misozi y’ahitwa Zagros, mu bumanuko bw'igihugu, abantu 65 barimwo barapfa, nkuko bishikirizwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya Irani, IRNA. Amakuru yo hambere yavuga ko 66 ari bo bari muri yo.

Iyo ndege yandurutse iva i Teheran ku murwa mukuru kur’uyu w’Imana mu gatondo yerekeza mu gisagara ca Yasuj mu ntara ya Isfahan, ikirere kingana n’ibirometero 560.

Ishirahamwe ritabara Croix rouge muri Irani rimenyesha ko ryarungitse abatabara, ariko ibihe vyari bimeze nabi ku buryo kajugujugu itabashije kurwa hafi y’aho iyo ndege yasandabiye.

Imyaka ico gihugu kimaze mu bihano cafatiwe n’amakungu vyatumye indege z’ubudandaji muri Irani zari zisanzwe zitaronka ivyuma vyo kuzisanura, ivyatumye amasanganya yiyongera mu myaka iheze.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG