Uko wahagera

Abashika 5 Bishwe Barashwe mu Burusiya


Abaporisi bateruye uwarashwe i Moscow, Uburusiya, 1/08/2017.
Abaporisi bateruye uwarashwe i Moscow, Uburusiya, 1/08/2017.

Ibimenyeshamakuru mu Burusiya bitangaza ko umuntu yitwaje inkoho yarashe abantu bari bavuye gusenga mu buraruko bw’intara ya Caucas ya Dagestan, yica abashika 5, abandi 4 barakomereka.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abarusiya, Tass ryatangaje ko ubwo bwicanyi bwabaye kur’uyu w’Imana hanze y’urusengero ruri mu gisagara ca Kizlyar. Uwo mwicanyi yaciye araswa n’igipolisi.

Uwo mwicanyi w’imyaka 22 y’amavuko yaba mur’iyo ntara kandi izina ryiwe ntiryatangajwe, nkuko itororokanirizo Tass ribandanya rivuga.

Umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu watangaje ko ari wo wabarashe, ariko nta vyemeza washikirije.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG