Uko wahagera

Sudani y'Epfo Yoba Igiye Kuronka Amahoro?


Intumwa za reta ya Sudani y'epfo mu biganiro i Addis Ababa
Intumwa za reta ya Sudani y'epfo mu biganiro i Addis Ababa

Igice ca nyuma c’ibiganiro vy’amahoro kuri Sudani y’epfo bihagarikiwe n’igihugu ca Etiyopiya bishobora kurangira kur’uyu wa gatanu bemeranije kurangiza intambara, nkuko vyashikirijwe kur’uyu wa kane n’intumwa ya ONU mur’ivyo biganiro, David Shearer.

Ivyo biganiro vyatanguye itariki 5 z’ukwezi kwa kabiri i Addis Abeba, bitumbere kurondera inyishu y’imwe mu ntambara ziri ku mugabane w’Afrika.

David Shearer, intumwa ya ONU yabwiye abamenyeshamakuru ko bizigiye ko amasezerano asinywa kur’uyu wa gatanu. Ivyo biganiro biriko bibera muri Etiyopiya vyiga ku bibazo vy’intwaro n’umutekano mu gihugu.

Umuryango w’ubumwe bw’Afrika hamwe n’inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano bavuze ko bashobora gufatira ibihano ababangamira utwigoro two kurondera amahoro muri Sudani y’epfo, igihugu cinjiye mu mwaka wa gatanu kiri mu ntambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG