Uko wahagera

George Weah Yitezwe mu Bufaransa


Perezida George Weah mu kiganiro n'ikinyamakuru Reuters ku kirimba ciwe i Monrovia, Liberia, itariki 2/01/2018.
Perezida George Weah mu kiganiro n'ikinyamakuru Reuters ku kirimba ciwe i Monrovia, Liberia, itariki 2/01/2018.

Umukuru w’igihugu mushasha wa Liberiya, George Weah, azogendera Ubufaransa ku magenekerezo ya 20 gushika 23 y’ukwezi kwa kabiri kandi azokwakirwa ku musi wa gatatu na Emmanuel Marcon, perezida w’Ubufaransa. Ivyo vyatangajwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu c'Ubufaransa, Elysée kur’uyu wa kane.

Ruzoba rubaye urugendo rwa mbere George Weah agize ku mugabane wa Bulaya kuva atowe kurongora Liberiya.

Urwo rugendo rw’uwo yahoze ari rurangiranwa mu rukino rw’umupira w’amaguru ruzoba rugamije kugiranira imigenderanire mu vy’ubutunzi hamwe n’ibibazo vy'ubuzi ku rwaruka hamwe n’ingene inkino zofasha mw’iterambere ry’igihugu, nkuko ibiro vya perezida w’Ubufaransa bibandanya bivuga.

Mu ndwi iheze, Ubufaransa bwongeye ibihugu vya Liberiya na Gambiya ku bihugu 17 biri mu biza imbere bigiye gufashwa n’ico gihugu mw’iterambere. Ivyo bindi na vyo ni Bénin, Burkina Faso, Uburundi, Comores, Djibouti, Etiyopiya, Guinée, Haïti, Madagascar, Mali, Mauritaniya, Niger, République ya Centrafrika, Republika iharanira demokarasi ya Congo, Senegal, Chad, na Togo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG