Uko wahagera

USA: Abashika 17 Bishwe Barashwe mw'Ishure muri Florida


Abanyeshure bo kw'ishure ryisumbuye Marjory Stoneman Douglas bakurwa mw'ishure aharasiwe abanyeshure mu gisagara Parkland, Florida, 2/14/ 2018.
Abanyeshure bo kw'ishure ryisumbuye Marjory Stoneman Douglas bakurwa mw'ishure aharasiwe abanyeshure mu gisagara Parkland, Florida, 2/14/ 2018.

Uwahoze ari umunyeshure yitwaje inkoho yararashe kur’uyu wa gatatu kw’ishure ryisumbuye ryo mu gisagara ca Parkland, muri reta ya Florida, muri Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Umukuru wa Komine ya Broward, Sheriff Scott Israel yavuze ko abashika 17 bapfuye abandi 16 bakomereka.

Sheriff Israel yavuze ko uwo yarashe afise imyaka 18, Nikolas Cruz ari mu minwe y’igiporisi kandi yigeze kuba yiga kur’iryo shure. Igiporisi c’inyamiramabi FBI catanguye amatohoza gifatanije n’igiporisi co mur’ako karere.

Perezida w’Amerika Donald Trump yahaye abategetsi ba Florida imfashanyo yose bakeneye yongera ahoza abo ico gitero cakozeko hamwe n’imiryango yabo.

Ariko senateri Chris Murphy wo mu mugambwe w’abademokrate yatowe muri reta ya Connecticut ata agashavu kongere y’Amerika ku co yise “ikiza” c’ubwicanyi mu mashure.

Yagize ati "Ibi biriko biba aha, atar’uko vyikoze canke igihamana kibi, ariko ni ingaruka y’uko ataco turiko turakora. Ati ni twebwe twegekwako ubwicanyi kivunga bubera mur’iki gihugu”.

Mwibuke ko reta ya Connecticut ariho hari ishure rito rya Sandy Hook, ahiciwe abana 20 hamwe n’abakuze 6 mu mwaka wa 2012.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG